Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ati Kubg’ ivyo hazobabera ijoro, mwoye kugira ico mwerekwa, kandi hazobabera umwiza, mwoye kugira ico muragura; kand’ izuba rizodoberera kur’ abo bavugishwa, buzobazingirakw ināni ku murango.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 3:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntitubona ibimenyetso vyacu, Nta wuvugishwa n’Imana akiriho: Kandi nta n’umwe muri twebge azi ah’ ivyo bizogarukira.


Kuk’ Uhoraho abasutsekw impwemu y’uruhuni, agahuma amaso yanyu, ni yo bavugishwa banyu, agapfuka n’imitwe yanyu, ni yo bamenyi banyu.


Dukabakaba ku nzu nk’impumyi, ni koko dukabakaba nk’abatagira amaso; ku murango w’amashōka dutsitara nko mu kajoro; mu bagikomeye tumeze nk’abapfuye.


Muheshe Uhoraho Imana yanyu icubahiro, atarazana umwiza, ibirenge vyanyu bitaratsitarira ku misozi icuze umwiza; namwe muciteze umuco akawuhindura igitūtu c’urupfu, akawugira umwiza w’umuzitanya.


Umugore yavyaye ndwi arahondobereye, aregutse; izuba ryiwe ryacokeye hakiri ku murango; aratēterewe, aramāramāye; amasigarira yabo nzoyagaburira inkota imbere y’ abansi babo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Ngo Kand’ ukuboko kwiwe kuzorwanya abo ba kamenyi berekwa ibitagira ikimazi, bakaragura ibinyoma: ngo Nta ho bazoba mu nama y’abantu biwe na mba, canke ngo bandikwe mu gitabo c’amazina c’inzu ya Isirayeli, canke ngo bashike mu gihugu c’Abisirayeli; ngo Kandi muzomenya kw ari we Mwami Uhoraho.


Ivyago bizogerekerana n’ibindi, n’impuha zigerekerane n’izindi; bazoja kuronderera k’ūvugishwa n’Imana ko yoba har’ ico yeretswe; kukw ivyagezwe bizobura ku muherezi, n’inama zibure ku bo hambere.


Eh’ imisi izoza, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzotēza inzara mu gihugu, ntizoba ar’ inzara y’ivyo kurya cank’ inyota y’amazi, arikw izoba ar’ iyo kwumva amajambo yanje, jewe Uhoraho.


Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ