Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 3:5
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Gutinya abantu ku kigohe si vyiza, Kandi si vyiza k’umuntu acumuzwa n’akamanyu k’ umutsima.


Yamar’ abantu banje, abana ni bo babacuranguza, kand’ abagore ni bo babaganza. Yemwe bantu banje, ababarōngōra barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo.


Bibgira ko bokwibagiza abantu banje izina ryanje, babibagirisha inzozi zabo barotora, izo umuntu wese arotorera mugenzi we, nk’ uko ba sekuruza babo bibagijwe izina ryanje na Bayali.


Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


bati Mutonde urugamba tumurwanye; ni mukūre hasi tudūge ku murango w’amaminangohe. Bat’ Ewe turagowe, kuk’ umusi ukuze, kand’ ibitūtu vy’ubgīra bikaba bimaze ibihugu!


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


Ngo Kand’ ukuboko kwiwe kuzorwanya abo ba kamenyi berekwa ibitagira ikimazi, bakaragura ibinyoma: ngo Nta ho bazoba mu nama y’abantu biwe na mba, canke ngo bandikwe mu gitabo c’amazina c’inzu ya Isirayeli, canke ngo bashike mu gihugu c’Abisirayeli; ngo Kandi muzomenya kw ari we Mwami Uhoraho.


Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.


Enda ni mwāmāmaze ibi mu mahanga, muti Ni mugabishe, mugomore abahizi, ingabo zose ni zīgire hafi, zidūge.


Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ