3 kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’ urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono!
Mbeg’ inkozi z’ibibi zose nta bgenge zifise? Ko barya abantu banje nk’ uko barya umutsima, Kandi ntibambaza Uhoraho.
Hamwe inkozi z’ibibi zari zinziye ngo zirye inyama zanje, Ni bo barwanizi banje n’ababisha banje, bāratsitaye, baratemba.
Har’ urunganwe rw’abantu, amenyo yabo ni nk’inkota, n’ibijigo vyabo ni nk’imbugita, Ngo batsontsomere impahazwa bazimare mw isi, n’ aboro babamare mu bantu.
Uhoraho azoshira abakuru b’abantu biwe n’abaganwa babo mu rukinja, ati Ni mwebge mwakomvye uruzabibu, ivyo mwanyaze impahazwa biri mu ngo zanyu:
mukora ibiki, gusekura abantu banje, mugasya impahazwa? ni k’Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, abaza.
bakavuga, bat’ Ereg’ igihe ntikiragera: enda ni twiyubakire amazu; bat’ Iki gisagara n’inkono, natwe tur’ inyama ziri muri yo.
wegeranye inkekera z’inyama uzishiremwo, mber’ igikenye cose ciza‐ciza, ukuguru n’ ukuboko; uyuzuze n’amagufa meza‐meza,
Ni mwumve ibi, yemwe abagomba gusiribanga abakene, no kumara impahazwa zo mu gihugu,
Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.
Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.