Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 3:12
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.


Mana, abanyamahanga bateye ishamvu yawe; Bahumanije urusengero rwawe rwera, Basanganguye Yerusalemu, hasigaye ar’ ibirundo vy’ amasakamburira.


kukw ingoro izohebga, umurwa bahora bayebanganako uzoba imisaka; umusozi n’umunara w’abateramyi bizohinduka amasenga gushitsa ibihe bidashira, bizoba aho guhimbara indogoba z’inyeshamba, hazoba ubgatsi bg’imikuku;


Ewe musozi wanje wibonekeza mu gihugu, ibintu vyawe n’itunga ryawe ryose nzobigomorera binyagwe, bo n’ibitabo vyawe vyatabge ku mpinga z’imisozi, kubg’ ivyaha, bihereye ku mbibe zawe zose.


Ariko ni mwanka kwumva ayo majambo, iyi ngoro izocika umusaka, ndirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ku vy’ingoro y’umwami w’i Buyuda, ati War’ umbereye nka Gileyadi, canke nk’ agatwe ka Lebanoni: n’ukuri nzoguhindura ubugaragwa, ube nk’ ibisagara bitakirimw’ umuntu.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwabonye ivyago vyose nateje i Yerusalemu, n’ibisagara vyose vy’i Buyuda; kandi none rāba, uyu musi hasigaye ar’ imisaka, ata muntu akihaba;


Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho n’ingoro y’ umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu, mber’ amazu yose y’ abahambaye ayatongoza umuriro.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Bitewe n’uk’ umusozi Siyoni ucitse amatongo: Imbgebge zisigaye zihatambatamba.


Ni co gituma igisagara c’i Samariya nzogihindura nk’ikigūngūzi c’amabuye co mu ndimiro, habe aho gutera imizabibu; kand’ amabuye yaho nzoyahondoganiriza mu mwonga, n’amatanguriro y’amazu yaho nzoyaserura ahabona.


Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ