1 Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?
Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!
Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!