8 Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.
Jewe nd’umwe mu bakunda ivy’ amahoro kandi b’abizigirwa mu Bisirayeli; ariko wewe urondera kugeseza igisagara, ari co muvyeyi mu Bisirayeli. N’iki gituma ugomba kuyongobeza ishamvu y’Uhoraho?
Wa wundi yarāmvuye amaboko ngw arwanye abābana na we amahoro, Yahumanije isezerano ryiwe.
Manase azorya Efurayimu, Efurayimu arye Manase; kandi bompi bazokwifatanya gutera Yuda. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
Ishamvu yanje yampindukiye nk’intambge yo mu kibira: irantontomeye, ni co gitumye ndayanka.
Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo;
kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’ urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono!
Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.
Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.