Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, vyoshoboka kuvugwa, ngo Mbega Mpwemu w’Uhoraho yoba ikirandamuke? Ugira ngw ivyo yobikora? Mbeg’ amajambo yanje ntafitiye ikimazi ūgenda atunganye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:7
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, wagiriye neza umusavyi wawe, Nk’ukw ijambo ryawe rivuga.


Uri mwiza, kand’ ugira neza; Unyigishe ivyo washinze.


N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ ukugororoka, Akavuga ukuri mu mutima wiwe.


K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Inzira y’Uhoraho n’igihome gikingira umugororotsi, Ariko n’amahonero ku bakora ivy’ ukugabitanya.


Ūgenda agororotse agenda amahoro, Arik’ ūgoramangisha inzira ziwe azomenyekana.


Ūgendera mu bugororotsi bgiwe yubaha Uhoraho, Arik’ ūgoramangika inzira ziwe aba amukēngereye.


Abīkira abagororotsi ubgenge buroranye, Ni we nkinzo y’abagenda batunganye.


Ūgenda atunganye azorokorwa, Arikw ikigoramange kijana inzira zibiri, kikagwa mur’ imwe.


Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uhoraho yishura Mose, ati Mbeg’ ukuboko kwanje Uhoraho kwabaye kugufi? None hinge urābe yukw ijambo ryanje nkubgiye rishika canke ko ridashika.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana.


Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu.


Mbeg’ iciza cambereye urupfu? Eka na mba! Arikw icaha ni co cārubaye, ngo kimenyekane kw ar’ icaha, kuko canyicishije iciza, ngw icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi.


ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ