6 Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.
Ntitubona ibimenyetso vyacu, Nta wuvugishwa n’Imana akiriho: Kandi nta n’umwe muri twebge azi ah’ ivyo bizogarukira.
Kuk’ Uhoraho abasutsekw impwemu y’uruhuni, agahuma amaso yanyu, ni yo bavugishwa banyu, agapfuka n’imitwe yanyu, ni yo bamenyi banyu.
babarira abamenyi, bati Ntimutumenyere, bakabgira n’aberekwa ibizoba, bati Ntimutubarire ivyo mweretswe vy’ukuri, ariko mutubarire ivyoroshe, muvugishwe ivy’ ibinyoma;
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe i bumanuko, utumey’ ijambo ryawe, ubūrire ikibira co mu kiyaya c’i bumanuko,
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe i Yerusalemu, utume ijambo ryawe ahēra h’ urusengero, ubūrire igihugu c’i Bgisirayeli;
Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’ abagarariji.
Ariko mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe.
ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu.
Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka:
ati Kubg’ ivyo hazobabera ijoro, mwoye kugira ico mwerekwa, kandi hazobabera umwiza, mwoye kugira ico muragura; kand’ izuba rizodoberera kur’ abo bavugishwa, buzobazingirakw ināni ku murango.
Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.
ariko vyoye kurushiriza kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n’umwe babarira mur’ iryo zina.
ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.
Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.
Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.