Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni co gituma mw ikoraniro ry’Uhoraho utazobona uwo kugeresha ishamvu umugozi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:5
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Akavuga, ati Ni wewe nzoha igihugu c’i Kanani, Ngo kibe ishamvu mukubitiwe amabango.


Kand’ aba ni bo bādūze bava i Telimela n’i Teliharisha n’i Kerubu n’i Adoni n’i Imeri, ariko vyarabananira kwerekana amazu ya ba sekuruza bandurutseko cank’ abo bākomōtseko yukw ar’ Abisirayeli vy’ukuri.


Ubupfindo bgankubitiye amabango ahantu heza, Ni koko, mfise umwandu mwiza.


Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.


Mose abishikiriza Abisirayeli, at’ Ico ni co gihugu muzohabga kw ishamvu, mukigabanganijwe n’ ubupfindo, ico Uhoraho yageze ko gihabga imiryango cenda n’igihimba;


Umuntu w’ikivyarwa ntaz’ agere mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’uwo mu ruvyaro rwiwe azorigeramwo, eka mber’ uko bazogenda bavyarana gushitsa no ku bihe cumi.


Abuzukuru babo bazovuka hanyuma bazoshobora kuja mw ikoraniro ry’Uhoraho.


Igihe Īsumba Vyose yagabanganya amahanga amashamvu yayo, Igatandukanya amoko n’ayandi, Yashizeh’ imbibe z’amahanga, Nk’ukw igitigiri c’Abisirayeli kingana.


Nuko Yosuwa abapfindira ubupfindo imbere y’Uhoraho i Shilo; agabanganya Abisirayeli ico gihugu, nk’ukw imigabane yabo iri.


Enda ni mwitoranirize abantu batatu‐batatu mu muryango wose; nanje ndabatume banyuranganye igihugu, bandike uko gisa, n’ingene cogabanganywamw’ amashamvu yabo; ni baheza bagaruke iyo ndi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ