Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:4
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi acura intimba ya Sauli n’umuhungu wiwe Yonatani;


Na Yeremiya aborogera Yosiya, n’abaririmvyi bose b’abagabo n’abagore iyo bacura intimba bavuga Yosiya kugeza n’ubu; babigira umugenzo mu Bisirayeli; kandi vyanditswe mu majambo y’agacurantimba.


Maze Yobu yongera kuvuga amajambo yiwe y’ibirāgurāgu,


ni ho uzokwitamba ku muvyimba umwami w’i Babuloni, ut’ Eh’ ukuntu umunyagahahazo aherengeteye, n’amanyama yiwe ukuntu aherengeteye!


Isi izohinduka umusaka inyagwe rwose; kuk’ Uhoraho ari we avuze iryo jambo.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.


Eh’ azodūga aze nk’ibicu, n’imikogote yiwe izoza nk’agashururu; amafarasi yiwe azorusha inkukuma kunyaruka. Tubonye ibara! Turageseye!


Ingo zabo zizogabirwa abandi, bo n’amatongo yabo n’abagore babo: kuko nzobangurira ukuboko kwanje ku baba mu gihugu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze.


Eh’ ūca imigani wese azogucak’ uyu mugani, ngo Nyina n’ umukobga n’iz’ imina.


akizingururira imbere yanje: kandi cari canditswe imbere n’inyuma; canditswemw’ intimba n’amaborogo n’amahano.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Boroga nk’inkumi ikenyeye amagunira iririra uwar’ ayikoye.


Ni mwumve iri jambo ry’agacurantimba mbavuzeko, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:


No mu mirima yose y’imizabibu hazoba amaborogo: kuko nzoba nciye hagati muri mwebge, ni k’Uhoraho agize.


Namwe muba i Maresha nzobarungikira ūzobanesha; ubgiza bg’ Abisirayeli buzoshika no muri Adulamu.


Kubg’ ivyo nzorira mboroge, ngende nambaye ubusa, ata n’ inkweto: nzorira nk’imbgebge, mboroge nk’ igisīga citwa imbuni.


Ni muhaguruke, mugende; kukw aha atar’ uburuhukiro bganyu, kubg’ ibihumanya bizana gutikira kw’agahebuza.


Mbeg’ abo bose ntibazobīvuga, bakabacakw akagani bakīkiriza, bati Bazobona ibara, abakuma ibitar’ ivyabo, bagatako bakīremēka amasahu! Mbega bazogeza ryari?


Nzokwanzura rwose ibintu vyose biri kw isi, ni k’Uhoraho agize.


Atangura kuvugishwa, ati Haguruka, Balaki, wumve, Ntegera ugutwi, ewe mwene Sipori.


Atangura kuvugishwa, ati Balaki yankūye muri Aramu, Umwami w’i Mowabu yankūye mu misozi y’i burasirazuba, Ati Ngwino umvumire aba Yakobo, Ngwino wīrabire akaranga Abisirayeli.


Nukw atangura kuvugishwa, at’ Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga, Ni k’umuntu yar’ ahumirije amaso avuga,


Atangura kuvugishwa, at’ Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga, Ni k’umuntu yar’ ahumirije amaso avuga,


Barondera ingene bomufata, batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani; bamusiga hano, baragenda.


muzogenda mukabakaba ku murango w’amashōka, nk’ukw impumyi ikabakaba mu mwiza, kandi ntimuzogira ukuboko kwiza mu vyo mukora; muzokwama muhahazwa munyagwa na ntaryo, ata kibatabara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ