Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba, ivyo nanje nigereye n’icago nzotēza uyu muryango; kandi ntimuzocigobotora mu mazosi, canke ngo mugende muraritse agatwe; kuko kizoba ar’ igihe kibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:3
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuk’ umuntu w’agaterabgoba atituwe, n’umucokoranyi aheze, kand’ abatambira kugabitanya bose barahonnye,


Bitayeko Uhoraho aravuze, ngw Abakobga b’i Siyoni ko bībona, bakagenda bararitse amazosi n’amaso y’ubgēruzi, bakagenda bīkūmagura, bajegeza amayugi ku maguru:


bakavuga, bati N’anyaruke, atebutse igikorwa ciwe tukirābe: kand’ imigabo y’Uwera w’Abisirayeli ni yīgire hafi ishike, kugira ngo tuyimenye!


Nuko rer’ ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe mbagereye ikibi, nīgīriye imigabo y’ivyo nzobagirira: enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye inzira zanyu n’ ingeso zanyu.


Nuko mbarira Zedekiya umwami w’i Buyuda nk’ukw ayo majambo yose ameze, nti Ni mugondere izosi ingōgo y’umwami w’i Babuloni, mumusabe, musabe n’abantu biwe, mubone kubaho.


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Nuko Yehudi amaze gusoma impapuro zitatu canke zine, umwami awucagaguza imbugita, awuterera mu muriro wari mu coto, gushitsa ah’ umuzingo wose watemukiye mu muriro wo mu coto.


Azariya mwene Hoshaya, na Yohanani mwene Kareya, n’abagabo b’abibone bose, babarira Yeremiya, bat’ Uvuze ibinyoma: Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga, ngo Ntituje muri Egiputa kubayo;


Kand’ amasigarira yose azoba asigaye kur’ uyu muryango mubi azohitamw’ urupfu kuruta kubaho, ni bo bazoba basigaye ahantu hose aho nzoba narabirukaniye, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Ukuboko kwiwe kwamboheyekw ingōgo y’ibicumuro vyanje; Vyarasobekeranye, binshika mw izosi; yacobogoje inkomezi zanje: Umwami Imana yangabuye mu maboko y’abo ntashoboye kurindana na bo.


Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Abaduhīga batuguye ku gakanu: Turarushe, ntitugira akito ko kuruhuka.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Ūbangutse azobura ukw ahunga, n’umuhizi nta co ubuhizi bgiwe buzomumarira, n’intōre ntizoruha yikiza;


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!


kandi bāhevye iyabo mitwe ko yocibga kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima.


mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.


ni co kizotuma mukorera abansi banyu, abo Uhoraho azobagomorera kubatēra, mufise inzara n’inyota, mwambaye ubusa, muburaniwe muri vyose; azobambika ingōgo y’icuma mw izosi, gushitsa ah’ azobaherengetereza.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ