Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.
maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.
Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?
Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.
kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.