Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:12
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe.


Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Kur’ uwo musi Uhoraho azosekura akūre impeke ziwe, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa kuri wa Mugezi wa Egiputa; maze muzonobagurwa umwe‐umwe, mwebge Abisirayeli.


Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu.


Ico gihe imyagazi y’intama izorisha nk’ah’ ari mu canya cayo, kand’ ivyo mu matongo y’abakire abayerera ni bo bazobirya.


Kandi nzokoraniriza hamwe amasigarira y’ umukuku wanje, ndazikūre mu bihugu vyose aho nazirukaniye, ndazigarukane ukundi gusha mu mpongore zazo; zizorondoka zigwire.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe, jewe ubganje, ndīgīriye kurondera intama zanje, ndazibariritse.


Kandi nzozizana ndazikūye mu mahanga, ndazikoranirize hamwe ndazikūye mu bihugu, nzozizana ndazishikane mu gihugu cazo bgite; nzoziragira ku misozi y’i Bgisirayeli, i ruhande y’imigende y’amazi, n’ ahantu hose har’ abantu mu gihugu.


ni co gituma ngira nkize umukuku wanje ngo ntube ukiba inyagano ukundi; kandi nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi.


Kandi namwe ntama zanje, mwa ntama z’icibare canje, mur’ abantu, nanje nd’ Imana yanyu, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.


Maz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nkūre Abisirayeli mu mahanga bāgiyemwo, mbakoranirize hamwe mbakūye mu mpande zose, mbashikane mu gihugu cabo bgite;


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.


Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.


Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ