Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:11
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we aramwishura, ati Nanje nd’ ūvugishwa n’Imana nkawe, kand’ umumarayika yambariye avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, ati Genda umugarure, umujane i wawe, umuhe ico arya n’ico anywa. Ariko yaramubesha.


Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


Asangwa naragendeye mu binyoma, Ikirenge canje kikihutishwa no kuja kugunga,


Nk’ukw ibicu n’umuyaga bitarimw’ imvura bimeze, Ni k’umuntu ameze yishemagiza ngw aratanga kand’ ar’ ukubesha.


Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa.


Umugabo mukuru w’icubahiro ni we mutwe, kandi kamenyi yigisha ibinyoma ni we murizo.


Uhoraho aranyishura, at’ Abo ba kamenyi bavuga ibinyoma mw izina ryanje: sinabatumye, nta co nabageze, nta co nababariye: babarotorera ivyo beretswe vy’ibinyoma, n’ indagu, n’ibitagira ikimazi, n’ ubuhuhuta bgo mu mitima yabo.


Mbonye ubuyobe muri ba kamenyi b’i Yerusalemu: barasambana, bagendera mu binyoma, baremesha inkozi z’ibibi, bigatuma ata wigarura ngw ave mu bibi vyiwe: bose bampindukiye nk’i Sodomu, n’ababayo bampindukiye nk’i Gomora.


Ntibahengeshanya kubarira abakēngēra ijambo ryanje, bat’ Uhoraho yavuze ngo Muzoba amahoro; kand’ umuntu wese agendera mu budadarare bg’umutima wiwe, baramubgira, bati Nta cago kizobazako.


Numvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw izina ryanje; bati Narose, narose.


Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire;


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ