Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.
ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?
Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,