Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 2:1
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nari kugira ico mbakorako, arikw Imana ya so yambariye mur’ iri joro, iti Wirinde ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose.


Umwamikazi wiwe Yezebeli aramubaza, ati None si wewe uganza igihugu c’Abisirayeli? Vyuka mufūngure, mushire umubabaro, jewe nzoguha urwo ruzabibu rwa Naboti w’i Yezireli.


Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


Nuk’ umugore wiwe Zereshi n’abagenzi biwe bose bamugīra inama, bati Ni bashinge igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, maz’ ejo uz’ usabe umwami atange Moridekayi bakimumanikeko; uheze ubone kwinjirana n’umwami ku giturire unezerewe. Nuko Hamani ashima iyo nama; aca ashingisha ico giti.


ariko bishitse ku mwami, umwami arungika ivyete bivuga yukw iyo migabo mibi Hamani yari yagabiye ku Bayuda imugaruka ku mutwe, kandi yuk’ ubgiwe n’abahungu biwe bamanikwa ku biti.


Basama inda z’inabi, bakavyara ibigabitanyo, Mu nda zabo hakuramw’ ubugunge.


Umwicanyi azinduka mu gahuru, akica impahazwa n’ umukene; No mw ijoro amera nk’igisuma.


Yigerera ivy’ ukugabitanya ari ku buriri bgiwe, Yishira mu nzira itari nziza, Ntazinukwa ibibi.


Uhoraho, imbabazi zawe zishika mw ijuru, Ukuri kwawe gushika no mu bicu.


Abanyakibi batandukanywa n’ Imana uhereye ku kuva mu nda za ba nyina: Iyo bavutse baca bizimagiza, bakabesha.


Umunyangeso nziza atoneshwa n’Uhoraho, Arik’ umuntu w’imigabo y’ ibibi Uhoraho azomucirakw iteka.


Abigenera ikibi mbega ntibaba bazimiye? Arikw abigenera iciza, imbabazi n’ukuri bizobazako.


Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, Ugifise uburyo bgo kubikora.


Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.


Kuk’ umuntu w’agaterabgoba atituwe, n’umucokoranyi aheze, kand’ abatambira kugabitanya bose barahonnye,


Uhoraho azoshira abakuru b’abantu biwe n’abaganwa babo mu rukinja, ati Ni mwebge mwakomvye uruzabibu, ivyo mwanyaze impahazwa biri mu ngo zanyu:


Kand’ ibikoreshwa vy’uwigungirako ni bibi: agira akazikira k’ikibi ko kuzikiriza abagorwa n’amagambo y’ibinyoma, naho hoba umukene afise urubanza.


Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu!


Kukw amaboko yanyu yandujwe n’amaraso, n’intoke zanyu zandujwe n’ibigabitanyo; iminwa yanyu yama ivuga ibinyoma, n’ururimi rwanyu ruvugira ibibi mu ntamatama.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, abo ni ba bantu bīgīra imigabo y’ivyo kugabitanya, bakagīra abo mur’ iki gisagara inama z’ibibi;


Ko mwishimiye inkota zanyu, mugakora ibizira, umuntu wese akonona muka mugenzi we: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uwo musi ni washika, hazoza ivyiyumviro mu mutima wawe, wīgīre imigabo y’ibibi:


Yamara segaba ntakanyage amashamvu y’abantu, ngw abasohore mu mashamvu yabo; ariko ni yakebera abana biwe ishamvu, ayikūre ku ho yiganziye ubgiwe, ngw abantu banje boye kuzosābagizwa, ngo hagire umuntu akūrwa mw ishamvu yiwe.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Muri wewe haturutse uwagiye imigabo mibi k’Uhoraho, aja inama y’ibibi.


Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.


Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.


Nuko rero mwebge n’abanyekombe, ni mubgire umukuru w’abagabisha b’abasoda amubamanukanire, nk’abarondera kurushiriza gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikīra, twiteguye kumwica.


n’abavuga abandi nabi, n’abanka Imana, n’abatukana, n’abībona, n’abīrārīra, n’abīgenera ibibi, n’abatumvira abavyeyi,


Abahungu banyu n’abakobga banyu bazonyagwa bahabge irindi hanga, amaso yanyu azokwama areretse, ahere mu nzira burinde bgira, kubgo kubakumbura, ata co mushobora gukora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ