Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ibishushanyo vyaho vyose bibajwe bizojanjagurwa bicike ubunywenywe, n’impēra zaho zose z’ivy’ isoni nke zizoturirwa n’umuriro, kand’ ibigirwamana vyaho vyose nzobihonnya; kuko habirundanije ar’ impēra z’ubumaraya, kandi bizosubira kuba impēra nyene za maraya wundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:7
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw ivyo vyose bishize, Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, baca baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura amabuye bāshinze, batemagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose. Abisirayeli bose barahindukira, basubira mu bisagara vyabo, umuntu wese mw ishamvu yiwe.


Nukw iyo myaka mirongwirindwi ni yashira Uhoraho azogendera i Tiro, hasubire ku mpēra y’ubumaraya bgaho, hasambane n’ibihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Aho muba hose ibisagara bizogesezwa, n’ibitabo bitamārirwe, kugira ngw ibicaniro vyanyu bisangangurwe, bitamārirwe, n’ibigirwamana vyanyu bimenagurwe, biherengetezwe, n’ ibishushanyo vyanyu vy’izuba bicibge bitsindwe hasi, n’ibikorwa vyanyu bizimangane.


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


Nuko rero, ehe ngira ndamukwēgēre, mmushikane mu bugaragwa, ndamuremeshe.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Nzinutswe imasa yawe y’ikigirwamana, ewe Samariya! Uburake bganje burabaziriringiye: bazogeza ryari kwanka kwihumanura?


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje.


Ntihaze hagire ūjana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibihērewe maraya, cank’ ibihērewe umugabo yendwa, ngw abishikishe isezerano iry’ ari ryo ryose: kukw ivyo vyompi ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu.


Ndaheza nābīra bga buyobe bganyu, ya masa mwacuze, ndayiturira, ndayisekura ndayinoza, kugeza icitse ifu; mmēmēra ifu yayo mu kagezi kamanuka kava kuri wa musozi.


Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Bukeye bgaho, mu mavyuka ya kare nyene, basanga Dagoni yongeye gutemba yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho, kand’ umutwe n’ibikonjo vyayo vyahimbaguritse vyayivuyeko, bitembagara mu rwinjiriro; hari hasigaye umutumba wayo gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ