Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ni co gituma igisagara c’i Samariya nzogihindura nk’ikigūngūzi c’amabuye co mu ndimiro, habe aho gutera imizabibu; kand’ amabuye yaho nzoyahondoganiriza mu mwonga, n’amatanguriro y’amazu yaho nzoyaserura ahabona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na ho ni yaramuka ahungiye mu gisagara, Abisirayeli bose bazozana imigozi, dukwege ico gisagara tugicurangurize mu ruzi, gushitsa hatakiboneka n’akabuye na kamwe.


Maze hashize imyaka itatu barahanesha; i Samariya hāneshejwe mu mwaka ugira gatandatu Hezekiya ari ku ngoma, ari wo mwaka ugira icenda wo ku ngoma ya Hoseya umwami w’ Abisirayeli.


Mu mwaka ugira kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, ari wo mwaka ugira indwi wo ku ngoma ya Hoseya mwene Ela, umwami w’Abisirayeli, Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, atera i Samariya, arahugariza.


Mbega ntiwumvise uko nabigenjeje kera, mbigabiye mu bihe vyashize? None narabishikije, kugira ng’ uhonnye ibisagara vyubakiwe inzitiro, ubihindure ibirundo vy’amasakamburira.


Imbūri yo kuri Damasiko. Rāba Damasiko hakūweho, ntihacitwa umurwa, hazoba ibirundo vy’amasakamburira.


Kand’ igihome kirekire kigukīngīra c’inzitiro zawe z’amabuye azogisangangura, agitsinde hasi, agishitse mw ivu, mbere no mu mukungugu.


Kuko wahinduye igisagara ibirundo vy’ amasakamburira, igisagara cubakiwe inzitiro wakigize amatongo, ingoro z’abanyamahanga watumye zitakiba igisagara, ntikizokwongera kwubakwa kugeza ibihe vyose.


Uzosubira gutera inzabibu ku misozi y’i Samariya: abarimyi bazozitera, bazīyereze.


Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera.


Kand’ i Babuloni hazocika ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge, n’akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa, ata wukihaba.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Ewe kuntu izahabu yafyirifyitiye! Ukuntu izahabu nziza yahindutse ukundi! Amabuye y’ahēra h’urusengero yasābagijwe mu mayirabiri yose.


Uko ni ko nzohomvora urusika mwahomesheje ingwa, ndarusenyurire hasi, bitume itanguriro ryarwo rigaragazwa: nuko ruzohomvoka, namwe muherengeterezwe hagati muri rwo; ni ho muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Wasidukanywe no kuzanira abantu bawe agakiza, No kuzanira agakiza uwo warobanuje amavuta. Wasābije agatwe k’inzu y’ umunyakibi, Urayisangangura ushitsa no mu rukerēro. Sela.


Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ