Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:5
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


Kukw ivyo yavuze n’ijwi rirenga ata kizobibuza gushika, abivugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro c’i Beteli n’utunyabugoro twose two mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Samariya.


bukeye agura na Shemeri umusozi w’i Samariya, atanga italanto zibiri z’ifeza, yubaka kur’ uwo musozi; umurwa yubatse awita Samariya, awitiriye Shemeri nyen’ uwo musozi.


Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, akir’ umwana, yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi; maze mu mwaka ugira icumi na kabiri atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero;


basangangura ibicaniro vya za Bayali abahagarikiye, asitaguza n’ inkingi zashingiwe izuba zari zibihanamiye hejuru; amenagura n’inkingi zashingiwe Ashera, n’ ibishushanyo bibājwe n’ivyavugutiwe mu nkero, abigira ishingwe, arimēmēra ku mva z’abābiha ibimazi.


kand’ iremezo ry’Abefurayimu ni Samariya, kand’ iremezo ry’i Samariya ni mwene Remaliya. Ariko ni mwanka kwizera, n’ukuri ntimuzoshikama.


Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Nabonye ubupfu bga ba kamenyi i Samariya; bāvugishijwe na Bayali, bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.


Mbonye ubuyobe muri ba kamenyi b’i Yerusalemu: barasambana, bagendera mu binyoma, baremesha inkozi z’ibibi, bigatuma ata wigarura ngw ave mu bibi vyiwe: bose bampindukiye nk’i Sodomu, n’ababayo bampindukiye nk’i Gomora.


Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.


Mut’ Ibigabitanyo vyanyu ni vyo bibujije ivyo, kand’ ivyaha vyanyu ni vyo bibīmishije ivyiza.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Ibitsibo vyo ku mitwe yacu birakorotse: Tubonye ibara, kuko twakoze ivyaha.


Mukurwawe ni Samariya, aherereye i bumoso bgawe, bo n’abakobga biwe; murumunawe aherereye i buryo bgawe ni we Sodomu n’abakobga biwe.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Yemwe ababa i Lakishi, muhambīrire umukogote kw ifarasi inyaruka: ni mwebge mwabanje gucumuza umukobga w’i Siyoni; kukw ibicumuro vy’Abisirayeli vyabonetse kuri mwebge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ