Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyamahanga bavugije urwamo, ibihugu vy’abami biravuguswe; Ivuze ijwi ryayo, isi irashonga.


Nk’uk’ umwotsi utumuka, abe ari k’ubatumura: Nk’ukw ishashara iyagira i ruhande y’umuriro Abe ari kw abanyakibi barandukira imbere y’Imana.


Imisozi iyagira imbere y’ Uhoraho nk’ibishashara, Imbere y’Umwami w’isi yose.


Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa;


Imisozi ishizwe mu gatengo na we, n’uturambi turashonze; isi isebagizwa imbere yiwe, isi n’abayibako bose.


Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.


Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.


Kur’ uwo musi azohagarika ibirenge ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba; uwo musozi Elayono uzotemukamwo kubiri uhereye aherekeye i burasirazuba ugashitsa aherekeye i burengerazuba; uzocikamw’ uruhomoka runini cane; igihimba c’uwo musozi kizokwikumira i burārūko, ikindi cikumire i bumanuko.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri, Ukīsidukira uvuye mu ntāra ya Edomu, Isi yahinze agashitsi, ijuru rirajojota, Mber’ ibicu bijojota amazi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ