Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kukw ehe rāba, Uhoraho ahagurutse ava i we, agira amanuke, atambagire ku mpinga z’imisozi yo mw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Witegereze umwibone wese, umusubize hasi, Kand’ ufyonyorere abanyakibi aho bari.


Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Maze Mpwemu aranterura, numva inyuma yanje ijwi rihinda cane, rivuga, ng’ Ubgiza bg’ Uhoraho bushemagirizwe ahantu hiwe.


Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa;


Uhoraho, Umwami, ni we nkomezi zanje; Ni we ahindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Kand’ azompa gutambagira ku dutwe tw’imisozi yanje. Vyahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga zanje.


Kur’ uwo musi azohagarika ibirenge ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba; uwo musozi Elayono uzotemukamwo kubiri uhereye aherekeye i burasirazuba ugashitsa aherekeye i burengerazuba; uzocikamw’ uruhomoka runini cane; igihimba c’uwo musozi kizokwikumira i burārūko, ikindi cikumire i bumanuko.


Yabahaye kugenda bajandagira ku mpinga z’imisozi yo mu gihugu, Barya ivyeze vyo mu mirima; Abaha kuvotagira ubūki bgo mu bitandara, N’amavuta ya elayo ava mu rutare rukomeye;


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ