Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Yemwe ababa i Lakishi, muhambīrire umukogote kw ifarasi inyaruka: ni mwebge mwabanje gucumuza umukobga w’i Siyoni; kukw ibicumuro vy’Abisirayeli vyabonetse kuri mwebge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:13
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bamaze kubakūrayo, umwe muri bo aravuga, ati Hunga ntupfe! Ntukebēre inyuma, kandi nturuhe uhagarara utararangiza iki kiyaya cose; hungira kur’ iriya misozi, woye kuranduka.


Kand’ azoheba Abisirayeli, abahōye ivyaha Yerobowamu yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli.


Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;


Kandi bama bazana na sayiri n’ivyarire vy’amafarasi akwega imikogote n’ayandi yo kwirukako, nk’uko vyashinzwe, bakabizana aho bikwiye kuja.


Bukeye ab’i Yerusalemu baramugarariza, ahungira i Lakishi; barungika abamukurikirana i Lakishi, bamutsindayo.


Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Tarutani na Rabusarisi na Rabushake, bava i Lakishi bajanye ingabo nyinshi, ngo baje ku mwami Hezekiya i Yerusalemu. Nuko baradūga baja i Yerusalemu nyene. Bashitseyo bahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.


Ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, nk’ukw ab’ inzu ya Ahabu bākora, kuko yari yābiriye umukobga wa Ahabu; nukw akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


Hanyuma y’ivyo Senakeribu umwami w’i Ashuri, akir’ inyuma y’i Lakishi, bo n’ingabo ziwe zose, atuma intumwa i Yerusalemu kuri Hezekiya umwami w’i Buyuda, no ku Bayuda bose bar’ i Yerusalemu;


Canke woshobora kuyambika umugozi ngw ikurimire ikivi? Canke se yogenda irakubiturura inyuma yawe mu myonga?


Mose abaza Aroni, ati Mbeg’ aba bantu bakugize bate catumye ubazanakw icaha kingana girtyo?


Ab’ i Madimena bacitse igikuba, ababa i Gebimu bahunganye utwabo!


Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Rabushake ava i Lakishi ajanye ingabo nyinshi, aja i Yerusalemu, ku mwami Hezekiya. Ashitseyo ahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.


Nuko Rabushake asubira inyuma, asanga umwami w’i Ashuri ateye i Libuna; ajayo kuko yari yumvise ko yavuye i Lakishi.


Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.


igihe ingabo z’umwami w’i Babuloni zāriko zirarwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyose vy’i Buyuda vyari bigisigaye, n’i Lakishi n’i Azeka; kukw ivyo ari vyo vyari bigisigaye mu bisagara vy’i Buyuda bikizitiriwe inzitiro.


Abo mu bisagara vyose bahungishijwe n’urwamo rw’abagendera ku mafarasi n’urw’ abanyamiheto; banyegera mu bisaka, būrira ku bitandara hejuru: igisagara cose gisigara ar’ umurara ata n’umwe akihaba.


Nuko murumuna we Oholiba abona ivyo, yamar’ amurusha kwihumanya mu kugenda agomwa kwiwe, ubumaka bgiwe buruta ubga mukuru we.


Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?


Nuko Adonisedeki umwami w’i Yerusalemu aca atuma kuri Hohamu umwami w’i Heburoni, no kuri Piramu umwami w’i Yaramuti, no kuri Yafiya umwami w’i Lakishi, no kuri Debira umwami w’i Eguloni;


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ