12 Ūba i Maroti yiteganye ivyiza umutima uhagaze: kukw ivyago vyamanutse bivuye k’Uhoraho, bigashika kw irembo ry’i Yerusalemu.
Naziga amahirwe, hakaza ivyago; Naziga umuco, hakaza umwiza.
Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’ umuremyi w’umwiza; nd’ isōko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.
Mbega waciye Yuda ruhebga? Umutima wawe wanse Siyoni urunuka? N’iki gitumye udukubita, tukabura ikituvūra? Twari twiteze amahoro, ariko nta vyiza twabonye; twari twiteze igihe co kuvūrirwamwo, ariko tubona ibitugwisha igihūmura!
Twiteze amahoro, ariko nta vyiza vyaje; twiteze igihe co kuvūrwa, ariko habah’ ibiteye ubgoba.
Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?
Kuk’ uruguma rwaho rutazovūrika: mbere rwashitse n’i Buyuda; rushika kw irembo ry’ abantu banje, mbere rurinda rushika n’i Yerusalemu.
Arabishura, ati Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.
Kand’ aho yaza, Eli yari yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, ategereye agakuru, kuko yar’ ahagaritswe umutima n’isandugu y’Imana. Nuk’ uwo muntu ashitse mu gisagara, avuga inkuru z’ivyabaye; abo mu gisagara bose bacura umuborogo.