11 Enda vayo wambaye ubusa utēterewe, wewe uba i Shafiri; ūba i Zanani ntaruha asokoroka; i Beti‐Ezeli hazorandurwa, hakūrwe ku matanguriro yaho.
Kuko nk’ukw inyoni ziyerēra icāri gisambutse, ni kw abakobga b’i Mowabu bazomera ku vyambu vya Arunoni.
uko ni k’umwami w’i Ashuri azojana abo muri Egiputa ar’ inyagano, n’abangajwe bo muri Etiyopiya, abato n’abakuru, bazogenda bambaye ubusa batagira n’ inkweto, n’amatako yabo ar’ ubusa, bimāramāze Egiputa.
Kandi ni wibaza mu mutima, uti N’iki gitumye mbonye aya? Umurengera w’ibigabitanyo vyawe ni wo watumye impuzu zawe zigukūrwako, ibitsintsiri vyawe bigasigara ar’ inkobe.
Muhunge, mwunzūre amagara, mube nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa.
Muhe Mowabu amababa, kugira ngo haguruke hīgīre: ibisagara vyaho bizocika amatongo, ata wukiriho wo kuhaba.
nuko rāba, nzokoraniriza abūzure bawe bose hamwe, ari bo bāguhimbara, bo n’abo wagomwa bose, hamwe n’abo wanka bose, nzobaguteranirizako baguturuke impande zose, maze ntwikurure ibiteye isoni vyawe, kugira ngo babibone vyose.
na bo bazoguhanana urwanko, bakunyage ivyo waruhiye vyose, bagusige amēnya wambaye ubusa; kand’ ubgambure bg’ubumaka bgawe buzogaragazwa, ubushakanyi bgawe n’ubumaka bgawe vyompi.
Kubg’ ivyo nzorira mboroge, ngende nambaye ubusa, ata n’ inkweto: nzorira nk’imbgebge, mboroge nk’ igisīga citwa imbuni.
Ehe nzohigūra nawe, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize; nzogukūrakw impuzu, mfate ku musozo ndenze ku mutwe wawe, nereke amahanga ubgambure bgawe, n’ibihugu ndavyereke ibiteye isoni vyawe,
Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.
Hāri na Senani na Hadasha na Migudali‐gadi,