Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 1:1
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Yotamu mwene Uziya, umwami w’i Buyuda, yima.


Hanyuma Uhoraho atēza umwami imibembe, arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo, agacira abantu bo mu gihugu imanza.


Mu mwaka ugira icumi n’ indwi Peka mwene Remaliya ari ku ngoma, ni ho Ahazi mwene Yotamu, umwami w’i Buyuda, yima.


Mu mwaka ugira gatatu Hoseya mwene Ela, umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Hezekiya mwene Ahazi, umwami w’i Buyuda, yima.


Ahazi yar’ amaze imyaka mirongwibiri igihe yima, amara imyaka cumi n’itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Mugabo ntiyakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora;


Hezekiya yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu igihe yima, amara imyaka mirongwibiri n’icenda i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Abiya, umukobga wa Zekariya.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.


Ku ngoma ya Ahazi mwene Yotamu, Yotamu wa Uziya, umwami w’i Buyuda, Rezini umwami w’i Siriya na Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli badūga i Yerusalemu kuhatera, maze harabananira.


kand’ iremezo ry’Abefurayimu ni Samariya, kand’ iremezo ry’i Samariya ni mwene Remaliya. Ariko ni mwanka kwizera, n’ukuri ntimuzoshikama.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Imbūri uwavugishwa n’Imana Habakuki yeretswe.


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ