Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 9:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, Umenyera kure ivyo niyumvira.


Mbeg’ Imana ntizobisuzuma? Kukw izi amabanga yo mu mutima.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uwo musi ni washika, hazoza ivyiyumviro mu mutima wawe, wīgīre imigabo y’ibibi:


Amenye ivyo biyumvira, arababgira, at’ Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona. Igisagara cose n’umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama.


Turitange, canke dusigeho? Maz’ amenye uburyarya bgabo arababaza, ati Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirābe.


Yesu amenye mu mutima wiwe yuko bībūranya muri bo bartyo, aca arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ivyo mu mitima yanyu?


Na we amenye ivyo biyumvira, arababgira, at’ Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona, n’inzu, iyo yitandukanije, iragwa.


Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu?


Na we amenya ivyo biyumvira; abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati. Ava hasi, arahagarara.


Yesu aramubgira, ati Simoni, mfise ico ngomba kukubgira. Aramwishura, ati Mbarira, Mwigisha.


Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza, ati Mbega mubazanya ic’ ari co, ko mbabariye nti Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, nti Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?


Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Yesu amenye mu mutima kw abigishwa biwe bidodomba ivyo, arababaza, ati Mbeg’ ivyo birabatsitaje?


Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.


Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ