Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Hūmura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 9:2
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


Neyuye ibicumuro vyawe nk’igicu gitwaye intunda, n’ivyaha vyawe nk’igicu: garuka kuri jewe, kuko nagucunguye.


Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya.


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu;


Yesu avyumvise, biramutangaza, abgira abamukurikiye, ati Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.


Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose,


Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubgira, ati Hūmura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Nya mugore akira uwo mwanya.


Non’ icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka, ugende?


Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.


Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni.


Yesu arahagarara, arababarira, ati Ni mumuhamagare. Bahamagara iyo mpumyi, barayibgira, bati Hūmura, va hasi, araguhamagaye.


Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.


Bose baramubona, basimbga n’umutima. Arik’ uwo mwanya arabavugisha, ati Hūmura ni jewe, ni mureke gutinya.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.


Nuko Yesu arababaza, ati Bana, har’ ico kurya mufise? Bat’ Oya.


Uwo yumva Paulo avuga, na we amuhanze amaso abona kw afise ukwizera kwo gukizwa.


vyatuma bashīra abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo.


Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ