Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko, uwo musoda aramwishura ati: “Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 8:8
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.


Uhoraho, wumvise ivyo abaciye bugufi bagomba: Uzokomeza imitima yabo, uzohora ubanze ugutwi,


Arungika ijambo ryiwe, akabakiza indwara, Akabakiza kuja mu vyobo vyabo.


at’ Abīra ya nkoni, muheze mukoranye iryo shengero, mwe na Aroni mukurwawe, mubaririre igitandara imbere yabo gisendanishe amazi yaco; ubakūrire amazi mur’ ico gitandara, uhe iryo shengero n’ ivyo bashoreye amazi yo kunywa.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’ uje kuri jewe?


Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.


Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe, nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje, nti Kora iki, akagikora.


singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe.


Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k’inkweto yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ