7 Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.
7 Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.
Kur’ uwo musi abantu ba Isaka baraza, bamubarira ivya rya riba bimvye, bati Turabonye amazi.
Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.
Uhoraho, wumvise ivyo abaciye bugufi bagomba: Uzokomeza imitima yabo, uzohora ubanze ugutwi,
Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.
Uhoraho, ur’ uwo gushemagizwa: Unyigishe ivyo washinze.
Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.
Narondeye Uhoraho, aranyitaba, Ankiza ubgoba nari mfise bgose.
Uhimbarwe n’Uhoraho, Na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.
Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.
Abaciye bugufi bazobirāba banezerwe; Yemwe abarondera Imana, imitima yanyu isubizwemw’ ubugingo.
Abakurondera bose bakunezererwe bahimbarwe, Abakunda agakiza kawe baze bame bavuga, Bat’ Imana irahambaye!
Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.
Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.
Ndavuga, nti Hinge mvyuke, ngendagende mu gisagara, Mu nzira no mu hiyaguye haho, Ndondere uwo umutima wanje ukunda: Naramurondeye, ndamubura.
Yemwe bantu b’i Siyoni, ababa i Yerusalemu: ntimuzoba mukirira ukundi; ntazobura kubagirira ubuntu ni yumva ijwi ry’ugutakamba kwanyu; acumva azobishura.
ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, at’ Abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho:
Kandi ndababgira ukuri yukw ababiri muri mwebge ni bahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose, Data wo mw ijuru azokibakorera
Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.
Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?
Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
Ni co gitumye mbabgira yukw ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona.
Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.
Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,
Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.
Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.
Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.
Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.
Nta wutahura, Nta wurondera Imana.
kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.
Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’ asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa.
kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.