Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:6
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umugore w’akazuru gusa arikw atazi kuroranya, Ameze nk’impeta y’izahabu yambitswe ingurube mu zuru.


Ntugire ico uvuga ikijuju cumva, Kukw azokēngēra ubgenge bgo mu majambo yawe.


Nk’ukw imbga isubira ku vy’ idashwe, Ni kw igipfu gisubira ku bupfu bgaco.


Ntiwishure igipfu amagambo ahwanye n’ubupfu bgaco, Kugira ngo nawe ntibikwandukire.


Aramwishura, ati Si vyiza kwābira umutsima w’abana ukawuterera utubga.


Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.


Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Mwirinde za mbga, mwirinde za nkozi z’ibibi, mwirinde bamwe bīkebagura.


Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?


maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutēterereza ahibonekeza.


Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ