Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi si mw’izina ryawe twirukana abadayimoni bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:22
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Kand’ agakēngērwe k’abantu kazosubizwa hasi, n’ubgibone bg’abahambaye buzocishwa bugufi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Ni k’uwumva amajambo y’ Imana avuga, Akerekwa Īshobora vyose nko mu nzozi, Akīkubita hasi, arikw ahumūye amaso:


Kand’ ukūye abandi bishe, bica abami b’Abamidiyani, ni bo aba: Ewi, na Rekemu, na Tsuri, na Huri, na Reba, abo bami b’Abamidiyani ukw ari batanu; kandi na Balamu mwene Beyori bamwicisha inkota.


Ndababgire ukuri, ku musi w’amateka igihugu c’i Sodomu n’i Gomora kizogira agahengekezo kurusha nya gisagara.


Arik’ uwo musi cank’ iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.


Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire.


Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.


Ndababgire, Kur’ uwo musi uzoza, Sodomu hazogira agahengekezo kurusha nya gisagara.


Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubgo bgoko;


Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ubūbīre nk’igisuma:


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi. Kand’ ivyo yankoreye muri Efeso uko bingana, nta wukurusha kubimenya.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ