20 Nuko muzobamenyera ku vyo bama.
20 Nuko rero, muzobamenyera ku bikorwa vyabo.
Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye.
Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu?
Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye: nta bokwamura insukoni ku munyinya, cank’ inzabibu ku mukēre.
Kandi none ndababgire: Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa:
Bene Data, mbeg’ umusukoni woshobora kwama elayo, cank’ umuzabibu wokwama insukoni? Ni kw amazi y’umunyu adashobora kuvamw’ ayaryoshe.