Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kuko uko ucira imanza abandi ni ko n’Imana na yo izorugucira, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Babgira umwami, bat’ Umuntu yaturanduye, akaturonderera inama yo kutugeseza, kugira ngo ntitugire uburagamo mu gihugu cose c’ Abisirayeli,


Yakunda kuvuma, kukamusubirako: Kandi ntiyanezererwa guhezagira, kukaba kure yiwe.


ijisho rihōrwe irindi, iryinyo rihōrwe irindi, igikonjo gihōrwe ikindi, ikirenge gihōrwe ikindi,


Uzobona ibara, wewe unyaga kand’ utānyazwe, uryarukana kandi batākuryarutse! Ni waheza kunyaga, nawe uzonyagwa; kandi ni wamara kuryarukana, bazokuryaruka nawe.


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Kand’ ab’ i Babuloni, bo n’ababa i Bukaludaya bose, nzobasubiriza mu nkōko ibibi vyabo vyose bākoreye i Siyoni mubona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi, uziye amahanga yose: uko wagize ni k’uzogirirwa; ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe.


Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.


Kand’ arababarira, ati Mwiyubare mu vyo mwumva. Ingero mugeramwo ni yo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa:


ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isēsekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.


Arikw ico mvuga ngiki, ng’ Ūbiba nke, azokwimbura bike, ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Mumugirire ibihwanye n’ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n’ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


Ayāmīrira imbere y’ibirenge vyiwe, arakumbagara, ararambarara; Imbere y’ibirenge vyiwe ni ho yayāmīriye, arakumbagara: Aho yayāmīriye ni ho yacīkāniye.


Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ