Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Muzobamenyera ku vyo bama, ari vyo bikorwa vyabo. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, canke insukoni ku mitobotobo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:16
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi n’umwana amenyekanira ku vyo akora, Kw ingeso ziwe zizotungana zikaba nziza.


Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.


Bene Data, mbeg’ umusukoni woshobora kwama elayo, cank’ umuzabibu wokwama insukoni? Ni kw amazi y’umunyu adashobora kuvamw’ ayaryoshe.


Aba kera baciye umugani, ngw Ibibi biva mu babi; ariko rer’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ