Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:12
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose yakora, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, agakora ibitunganye n’ibikwiye, n’ukuri azobaho, ntazopfa.


Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa.


Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.


Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


Mugabo namba mushitsa icagezwe c’i bgami nk’uko canditswe, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda, muba mugize neza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ