Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:9
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ izina ryawe baze barishemagize ibihe bidashira, bat’ Uhoraho Nyen’ ingabo ni yo Mana y’Abisirayeli; kandi n’inzu yanje, jewe umusavyi wawe Dawidi, izokwama itsindaje imbere yawe;


uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’ izina ryawe.


Maz’ izina ryawe ni rikomezwe, rishemagizwe gushitsa ibihe bidashira, baze bavuge, bat’ Uhoraho Nyen’ ingabo ni yo Mana y’Abisirayeli, eka mbere ni yo Mana y’Abisirayeli; kandi n’inzu yanje, jewe umusavyi wawe Dawidi, izokwama itsindaje imbere yawe;


arasenga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuruza, none si wewe Mana yo mw ijuru? Kandi si wewe ugaba abami bose b’abanyamahanga? Mu kuboko kwawe harimw’ ububasha n’inkomezi, bituma ata woguhagarara imbere.


Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.


Uhoraho Imana, ni yo Mana y’Abisirayeli, ihimbazwe; Ni yo yonyene ikora ibitangaza:


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Kuko wewe uri Data wa twese, naho Aburahamu atatuzi, kandi na Isirayeli ntatwemere: wewe ubgawe, Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.


Ariko noneho, Uhoraho, uri Data wa twese; tur’ ibumba, nawe ur’ umubumvyi wacu; twese tur’ igikorwa c’ intoke zawe.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi n’ahantu ki hombera uburuhukiro?


Kandi nzokwubahiriza izina ryanje rikuru ryatukishijwe mu mahanga, iryo mwatukishije hagati muri yo; nukw amahanga azomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzokwiyerekanira muri mwebge imbere yayo ko nd’ Uwera, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Uko ni ko nzogaragaza icubahiro canje, niyerekane ko nd’ Uwera, kandi nzokwimenyekanisha mu maso y’ amahanga menshi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Kuko kumenya icubahiro c’ Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Kand’ Uhoraho azoba Umwami aganza isi yose; kur’ uwo musi Uhoraho azomenyekana kw ar’ umwe gusa, n’izina ryiwe kw ari rimwe gusa.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Mbeg’ utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi.


Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’ umwe, ar’ uwo mw ijuru.


Ariko ndababgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa kur’ izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bgami bga Data.


Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba.


Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.


Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.


None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?


Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe,


Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


Paulo, intumwa itātumwe n’abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye,


Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ