Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:2
56 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.


Umunyakibi aragurānwa, ntiyishure: Arik’ umugororotsi agira ubuntu, agatanga.


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


Abantu benshi bakunda kwirata, umuntu wese akirata ukugira neza kwiwe, Non’ umwizigirwa ni nde yomubona?


Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.


Nzomutuma gutera ihanga rikora ibizira, kand’ ubgoko ndakiye nzomugera kubunyaga, agigimvye inyagano, abasiribangire hasi nk’ivyondo vyo mu nzira.


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


Ni co gitumye Umwami Imana atazonezererwa imisore yo muri bo, kand’ atazoterwa akagongwe n’impfuvyi zo muri bo n’abapfakazi: kukw abantu bose ar’ abatubaha Imana, bakaba inkozi z’ibibi, kandi n’akanwa kose kakavuga ubupfu. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge,


Mu mutwenzi, muravuga muti Hagira hafurungane, kukw ijuru ryirasiye, kandi ryiraburaniwe. Murazi kugenzura ijuru uko risa, arikw ibimenyetso vy’ibihe ntimuzi kubigenzura.


Ariko Yesu amenya ububi bgabo, arababaza, ati Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe?


Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.


Bakunda ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n’intebe z’icubahiro mu masinagogi,


azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Ndababgire ukuri, Gushitsa ah’ ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa.


Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Ariko weho ni wagira ubuntu, ntumenyeshe ukubamfu kwawe ico ukuryo kwawe gukora,


Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.


Arabishura, ati Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n’Imana kuri mwebge indyarya, nk’uko handitswe, ngw Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mukunda intebe z’icubahiro mu masinagogi, no kugirwako bgakeye mu tuguriro.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Mwa ndyarya mwe, murazi kugendeza isi n’ijuru, n’iki kibabuza kugendeza iki gihe?


Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?


ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.


Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.


Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


Ariko kuko Yuda ari we yar’ afise umupfuko, bamwe bāgize ngo Yesu yamubgiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngw agire ico aha aboro.


Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?


Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.


Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.


Arikw ico bāgomvye gusa n’uko twibuka aboro, ari co nyene nanje nari nsanzwe mfitiye umwete.


Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.


Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo.


kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga,


Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.


Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.


Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.


Na we aramwishura, ati Naracumuye; yamara none ndakwinginze, untere itēka imbere y’abakuru bo mu bantu banje n’imbere y’Abisirayeli, dusubiraneyo kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ