Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Hahirwa ababanguranya, kukw ari bo bazokwitwa abana b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Harahiriwe abaharanira amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:9
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi arasohoka, arabasanganira; arababarira, ati Namba muzanywe n’amahoro, muje kuntabara, umutima wanje uzomatana n’iyanyu; na ho namba muje kundaha, ngo mundangire abansi banje, kand’ ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza n’ibirābe, iducire urubanza.


Umutima wanje wahereye kera ubana N’uwanka amahoro.


Ni nde agomba ubugingo, Akifuza kuramba, ngw az’ abone ivyiza?


kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n’abamarayika, kand’ ar’ abana b’Imana, kukw ar’ abana b’ukuzuka.


Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi.


Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?


Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.


Abarōngōrwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana.


Mpwemu ubgiwe abgiririkanya n’impwemu yacu, ar’ icabona, yuko tur’ abana b’Imana.


Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.


Ariko mwene Data akabūrana na mwene Data wundi, kandi bakabūranira no ku batizera!


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahūrize imitima mu Mwami wacu.


mwihanganirana, muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.


Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ