8 Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.
8 Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko bazobona Imana.
Yakobo yita aho hantu Peniyeli: ati Mbonye Imana imbonankubone, non’ ehe ndacariho!
K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.
N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ ukugororoka, Akavuga ukuri mu mutima wiwe.
N’ūfise amaboko akeye n’umutima utanduye, Atigeze kwerekeza umushaha wiwe ku vy’ukubesha, Ntarahire ibinyoma.
Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.
Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.
N’ukuri Imana igirira neza Abisirayeli, Abafise imitima itanduye.
Ūkunda umutima utanduye, Akagira ubuntu mu minwa yiwe, azoba umutoni w’ umwami.
ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.
Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.
Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.
Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.
twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.
Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;
mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?
Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.
Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.
Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.
bazorāba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.