Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Harahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kuko bazohazwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:6
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ahāza umutima ufise inyota, N’umutima ushonje awuzuza ivyiza.


Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; Kand’ azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Umutima wanje uzohāzwa nk’ūriye umusokōro n’ibinure: Akanwa kanje kazogushimisha iminwa inezerewe,


Hahirwa umuntu utoranya, ukamwiyegereza, Kugira ngw abe mu nyubakwa zawe: Tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe, Vy’ahēra ho mu rusengero rwawe.


Ubugingo bganje buri n’ umuvuro, mbere budendebuwe no kwifuza inyubakwa z’Uhoraho; Umutima wanje n’umubiri wanje bivugiriza impundu Imana nzima.


Ico umunyakibi atinya kizomushikako, Arikw ico umugororotsi yifuza azokironka.


Uwitwaririka ivy’ ubugororotsi n’imbabazi Aronka ubugingo n’ubugororotsi n’icubahiro.


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.


Impahazwa n’ abakene barondera amazi bakayabura, ururimi rwabo rukagwa umwumwa; jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana agize, ati Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra:


kugira ngo mwonke, muhāge amaberebere y’ibihahūmuriza, mugutanye munezererwe icubahiro caho c’umureto.


Kuko nashubije intege mu mutima urushe, n’umutima udendebukiwe nkawuhēmbūra.


Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.


Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.


Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ