Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Harahiriwe abaciye bugufi, kuko bazoragwa isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:5
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aramira abaciye bugufi: Acisha abanyakibi bugufi, akabashitsa hasi.


Kuk’ Uhoraho ahimbarwa n’ abantu biwe: Azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.


Abaciye bugufi bazorya bahāge, Abarondera Uhoraho bazomuhimbaza: Imitima yanyu irambe ibihe vyose.


Umutima wiwe uzoba amahoro, Uruvyaro rwiwe ruzoragwa isi.


Abīcisha bugufi azobarōngōra mu vy’ukugororoka, Abīcisha bugufi azobarangira inzira yiwe.


Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, Bazonezererwa amahoro y’ umusēsekara.


Kukw abahezagirwa n’Uhoraho bazoragwa igihugu; Arikw abavumwa na we bazorandurwa.


Abagororotsi bazoragwa igihugu, Bakibemw’ ibihe bidashira.


Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, Na we azogushira hejuru ng’ uragwe igihugu: Abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.


Kukw inkozi z’ibibi zizorandurwa, Arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa igihugu.


Abaciye bugufi bazobirāba banezerwe; Yemwe abarondera Imana, imitima yanyu isubizwemw’ ubugingo.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Kand’ uwo mugabo Mose yar’ umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Kukw atari kubg’ ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe cank’ uruvyaro rwiwe, yukw azoragwa isi yose, ariko ni kubg’ ukugororoka kuva ku kwizera.


ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza.


mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


no kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose.


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge.


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ