Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Harahiriwe abarira, kuko ari bo bazohozwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:4
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Yemwe bantu b’i Siyoni, ababa i Yerusalemu: ntimuzoba mukirira ukundi; ntazobura kubagirira ubuntu ni yumva ijwi ry’ugutakamba kwanyu; acumva azobishura.


Abācunguwe n’ Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo: bazobona uguhimbarwa bo n’ umunezero, kand’ umubabaro n’ ugusuhuza umutima bizohunga.


Inzira ziwe narazibonye, kandi nzomukiza; nzomurōngōra, nzoheruka kumwirurana n’abāmuborogera.


Munezeranwe n’i Yerusalemu, muhimbarwe kubgaho, yemwe abahakunda mwese; munezeranwe na ho akanyamuneza, yemwe abāharirira mwese:


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.


Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.


ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta.


Abgira wa mugore, at’ Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ