Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako ibibi vyinshi babampora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:11
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyabona vy’ibinyoma biva hasi, Bakanyagiriza ivyo ntazi, babimbaza.


Mbere twirirwa twicwa bakuduhōra, Twagereranijwe n’intama z’ imbāgwa.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Yemwe abazi ivy’ ukugororoka, ihanga rifise ivyagezwe vyanje mu mitima yanyu, ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ ugucokora kwabo.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Yeremiya ati S’ivy’ ukuri; singiye kwisaba Abakaludaya. Ariko yanka kuvyumva: nuko Iriya afata Yeremiya, amushīra abaganwa.


Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Umwigishwa biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja. Nyen’ urugo ko bamwise Beyezebuli, non’ abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo?


Ūrokora ubugingo bgiwe azobubura; n’ūheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.


Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Muzoba mwanswe na bose, babahōra izina ryanje: arik’ uwihangana, agashitsa iherezo, ni we azokira.


Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona.


ntibagire imizi muri bo, ariko bahagarara umwanya muto, maz’ iyo bādutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo bazira iryo jambo, bica bibagwisha.


kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje no kubg’ ubutumwa bgiza, azobukiza.


Arikw ivyo vyose bitarabaho bazobashōrerakw amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahōra izina ryanje:


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje.


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


Kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura; arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje azobukiza.


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


Baramutuka, bati Ni wewe mwigishwa wiwe, natwe tweho tur’ abigishwa ba Mose.


nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje.


Nk’uko handitswe, ngo Twirirwa twicwa, bakuduhōra, Twagereranijwe n’intama z’imbagwa.


Twebge tur’ ibipfu kubga Kristo; mweho mur’ abanyabgenge muri Kristo: tur’ abanyantege nke, mur’ abanyabushobozi: mur’ abanyacubahiro, tur’ inkēngērwa.


Kuko twebge abariho, na ntaryo dutangwa ngo dupfe baduhōra Yesu, ng’ubugingo bga Yesu na bgo buserukire mu mubiri wacu uzopfa.


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


Kand’ ugira ukwihangana, wirengagije ivy’ ugirirwa kw izina ryanje, ntiwacobogora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ