Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Hahirwa abahamwa bahōrwa ukugororoka, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:10
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umunyakibi aja inama yo kugirira umugororotsi nabi, Kand’ amuryaniriza imisaya.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


Yesu arababgira, ati Ni mureke abana bato, ntimubabuze kuza aho ndi, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubg’ abameze bartyo.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


Maze Yesu abibonye, araraka, arababarira, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubg’ abameze bartyo.


atazobishumbushwa ijana mur’ iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga ubugingo budashira.


Arikw ivyo vyose bitarabaho bazobashōrerakw amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahōra izina ryanje:


Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,


Yunamurira abigishwa biwe amaso, arababgira, ati Hahirwa mwebge aboro; kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubganyu.


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.


namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ