Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Hanyuma Satani yongera kumujana ku musozi muremure cane amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amara imisi myinshi yerekana ubutunzi bg’ ubgami bgiwe bg’icubahiro, n’ igitinyiro c’ubugabe bgiwe bg’ agahebuza; ashitsa imisi ijana na mirongumunani.


Nuko Hamani abīgānira ukw atunze, n’uko bimuhaye icubahiro, n’ abana biwe ingen’ ari benshi, n’ ingen’ umwami yamushize hejuru muri vyose, kandi ko yamukujije kuruta abaganwa b’umwami n’ abamenyekana biwe.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Balamu abarira Balaki, ati N’uhagarare hambavu y’ ibimazi vyawe vyoshejwe, nanje ndagiye: kumbure Uhoraho araza guhūra nanje; maz’ ico aribunyereke cose ndakikubarira. Nukw aragenda, aja ku mpinga y’umusozi mu ruharabuga.


Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?


Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero,


Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare.


Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ