Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Hanyuma wa mubi amujana i Yerusalemu, igisagara cera, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:5
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urubaraza rw’ imbere y’iyo ngoro, uburebure bgarwo bg’amakika bgar’ amatambge mirongwibiri, nk’uk’ ubgaguke bg’iyo ngoro bgangana; uburebure bgarwo bg’igihagararo bgar’ ijana na mirongwibiri; imbere kuri rwo ahomekakw izahabu iramuye.


Abakuru b’abantu ni bo bāba i Yerusalemu; maz’ abandi bantu bose bapfinda ubupfindo kugira ng’ umuntu umwe‐umwe mur’ icumi na we az’ agerēre i Yerusalemu ku murwa wera, abandi basigaye babe mu bindi bisagara.


Abalewi bo ku murwa wera bose na bose bar’ amajana abiri na mirongumunani na bane.


Kuko biyita abo ku murwa wera, bakishingikiriza ku Mana ya Isirayeli; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi.


Amujana i Yerusalemu, amuhagarika mu gatwe k’urusengero, aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi,


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ