Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:4
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abisirayeli babibonye, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? kuko batāmenye ivy’ ari vyo. Mose arababgira, at’ Uwo n’umutsima Uhoraho abahaye kw ivyo kurya.


Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.


Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.


muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.


Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.


Kand’ aravuga, at’ Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya:


Yesu aramwishura, ati Vyaravuzwe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa.


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.


Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,


Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana:


Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ