Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:23
46 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni we aharira ibigabitanyo vyawe vyose, Agakiza indwara zawe zose,


Bībariye mu mitima yabo, bati Tubageseze rwose; Bāturiye amazu yose yo mu gihugu, yakoranirwamwo gusenga Imana.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.


Aja mu ntāra y’i wabo, yigishiriza mw isinagogi yabo, bituma batangara, bat’ Ubu bgenge n’ivyo bitangaza mbeg’ uyu yabikūye hehe?


Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.


Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose.


Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana,


Bashika i Kaperinawumu, aca yinjira mw isinagogi kw isabato, arabigisha.


Yinjira mu masinagogi yabo i Galilaya hose, avuga ijambo ry’Imana, asenda abadayimoni.


Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko.


Isabato ishitse, aca yigishiriza mw isinagogi: benshi bamwumvise baratangara, bat’ Ivyo vyose uyu yabikūye hehe? Kandi n’ubgenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki?


Atangazwa n’ukutizera kwabo. Agendagenda mu mihana ihakikije, yigisha.


mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.


Ku musi w’isabato yigishiriza mur’ imwe mu masinagogi.


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe:


Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hārih’ ishengero ryinshi ry’abigishwa biwe, n’ishengero ryinshi ry’abantu bavuye i Yudaya hose n’i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n’i Sidoni gihereranye n’ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo.


Ku yindi sabato yinjira mw isinagogi, arigisha: kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko kw’i buryo.


Mur’ ako kanya akiza benshi indwara n’ivyago n’impwemu mbi; n’impumyi nyinshi arazihumūra.


Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo; bamwe cumi na babiri bajana na we,


Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza.


Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana.


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Ivyo yabivugiye mw isinagogi yigisha i Kaperinawumu.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Kandi none rāba, ndazi yuko mutazosubira kubona mu maso hanje, abo naciyemwo mwese mbabgira ivy’ ubgami bg’Imana.


akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ