Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu mazi kuko bari abarovyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:18
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico gihe Mose yaragira umukuku w’intama za Yetiro sebukwe, umuherezi w’i Midiyani: aturukiriza umukuku hirya y’ ubugaragwa, ashika ku musozi w’Imana, i Horebu.


Nuko none ngwino, ngutume kuri Farawo, ukūre abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa.


Kand’ abarovyi bazohagarara ku nkombe zaco; uhereye kuri Eni‐gedi ugashitsa kuri Enegulayimu hazoba aho gutera insenga; hazobamw’ amafi y’uburyo bginshi, nk’amafi yo mu kiyaga kinini, kand’ azoba ari menshi cane.


ruvudutse i Shefamu, rumanuke, rushike i Ribula, hirya ya Ayini ahahera i burasirazuba; ruheze rumanuke rujane inkōkoro y’ikiyaga Kinereti ihera i burasirazuba;


Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana,


Yesu arahava, aja ku kiyaga c’i Galilaya, adūga umusozi, yicaraho.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.


Yongera kuva mu ntāra yo muri Tiro, araza aca i Sidoni, ashika ku kiyaga c’i Galilaya, aciye hagati y’intāra y’i Dekapoli.


Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,


Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:


Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.


Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubgira,


kandi mbaha n’ikiyaya Araba, urubibe rugarukira kuri Yorodani, uhereye i Kinereti, ugashitsa ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, kiri musi y’ agahanamo ka Pisiga ahahera i burasirazuba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ