12 Yumvise ko Yohana yashizwe mw ibohero, aja i Galilaya.
12 Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya.
Ariko Yohana ari mu nzu y’imbohe, yumva ivyo Kristo akora, atuma abigishwa biwe kumubaza,
Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.
Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana,
Kuko Herode ubgiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw ibohero, kubga Herodiya muka Filipo mwene se, kuko Herode yamucikije.
Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.
kur’ ivyo vyose Herode agerekakw iki, yugaranira Yohana mw ibohero.
Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.
Aramanuka aja i Kaperinawumu, igisagara c’i Galilaya: kand’ arikw arabigisha kw isabato,
Bukeye bg’aho Yesu agomba kuvayo ngw aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira, ati Nkurikira.
Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.
kuko Yohana atāribgashirwe mw ibohero.
Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya.
Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.