Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:10
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Satani ahagurukira Abisirayeli, asunika Dawidi ngw abaharūre.


Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ivy’ afise vyose biri mu kuboko kwawe; ariko we ku mutumba wiwe ntuz’ umukoreko. Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho.


Umusi ur’ izina abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, kandi na Satani yazananye na bo.


Uwundi musi abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, na Satani azanana na bo gushengerera Uhoraho.


Umuhe kuganzwa n’umunyakibi, Wa murwanizi ahagarare i buryo bgiwe.


Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.


Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.


Amaray’ imisi mirongwine, ageragezwa na Satani; kandi yaba hamwe n’ibikōko, abamarayika bakamukorera.


Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.


Na Satani, namba yitandukanije ubgiwe, ubgami bgiwe buzorama bute? Kuko muvuga yuko Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni.


Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?


Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe cumi na babiri.


Ati Simoni, Simoni, rāba Satani yabasavye ngw abagosore nk’ingano;


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.


Hanyuma y’iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira, at’ Ico ukora, gikore n’ingoga.


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?


guha Satani ūmeze artyo, kugira ng’umubiri wiwe uranduke, ubugingo bgiwe buze burokoke ku musi w’Umwami Yesu.


Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu.


Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco.


Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabga igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero.


kugira ngo Satani ntaronke ic’ adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.


Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ